BBC Gahuza

Urupapuro rw'itangiriro > Amakuru

Igisasu cahitanye abarenga 10 i Baidoa

Facebook Twitter Google+
9 Ukwa kane, 2012 - 15:16 GMT
Abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika

Igasasu cahitanye abantu bashika cumi n'umwe mu muji wa Baidoa, uri hagati y'igihugu ca Somalia.

Buramatari w'iyo ntara yabariye BBC ko abandi bantu barenga mirongo itatu bakomeretse cane, benshi muri bo akaba ari abana n'abagore.

Ico gisasu caturikiye hagati mw'isokoro riri mu muji, rikaba ryari ryuzuye abantu ico gihe.

Abasirikare ba Ethiopia batse uwo muji abarwanyi b'umuhari wa ki Islama Al Shabaab mu kwezi kwa kabiri.

Mu minsi mikeyi iheze, abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika bahagarariye amahoro, bwabaye ubwa mbere barungikwa muri uwo muji, uri kw'ibarabara rikomeye rishika mu gihugu cose.

Sangira

Email Facebook Google+ Twitter