BBC Gahuza

Urupapuro rw'itangiriro > Amakuru

Ministri w'intebe wa Syria yahunze

Facebook Twitter Google+
6 Ukwa munani, 2012 - 12:08 GMT
Riyad Hijab

Ministri w'intebe wa Syria, Riyad Hijab, n'umuryango we bitandukanije n'ubutegetsi bwa Perezida Assad.

Biravugwa ko yambutse umupaka ajya muri Yorudaniya aho umuvugizi we yasomeye itangazo rivuga ko yitandukanije n'ubutegetsi avuga ko bushingiye ku iterabwoba ubu rero ngo akaba agiye gufatanya n'abari mu guharanira ko ibintu bihinduka.

Abarwanya ubutegetsi baravuga ko hari abandi baministri babiri nabo bitandukanije n'ubutegetsi.

Ariko bongeraho ko ministri w'imali, Mohammad Jalilati, yatawe muri yombi mu gihe yageragezaga guhunga.

Aya makuru ariko yanyomojwe na televiziyo ya leta yahise icishayo ikiganiro ivuga ko yagiranye nawe kuri telefoni yemeza ko arimo akora nkuko bisanzwe mu biro bye.

Sangira

Email Facebook Google+ Twitter