BBC Gahuza

Urupapuro rw'itangiriro > Amakuru

Safrica: Oscar yarize mu rukiko.

Facebook Twitter Google+
14 Ukwa kabiri, 2013 - 13:28 GMT
Pistorius arerwa kwica umukunzi wiwe.

Umunyafurikayepfo wiruka mu mikono Olympic Oscar Pistorius yitabye urukiko rwaru rwuzuye abantu i Pretoria muri Afrika yepfo aregwa kwica umukunzi we Reeva Steenkamp.

Yaturitse ararira igihe abashinjacyaha bavugaga ko iraswa ry'uwo mukobwa ejo rwari ryateguwe.

Uburanira Oscar Pistorius yamaganye ibyo birego yivuye inyuma, yakoresheje amagambo akarishye.

Urubanza rwo gusaba ko Oscar yaburana arihanze rwasubitswe rushyirwa kuwa kabiri, ahita ajyanywa muri kasho ya polisi.

Oscar Pistorius ni nde?

Oscar Pistorius azwi cane kubera gusiganwa akoresheje amaguru y'amaterano.

Yaciye umuhigo mu nkino za olympic ziheruka zabereye Londres, mu gusiganwa adafise amaguru yose.

Yatsindiye imidari ibiri y'izahabu mur'izo nkino za olympics.

Afatwa n'abanya Afrika y'Epfo benshi nk'umuntu w'akarorero.

Umukunzi wiwe Reeva Steenkamp, nawe yari azwi cane mu gisata co kumurika impuzu.

Bwana Pistorius aba mu nyubakwa y'abafise icungerewe umutekano cane.

Ubwicanyi muri Afrika y'Epfo buri ku rugero runini ugereranije n'ahandi kw'isi, kandi abantu benshi barafise inkoho.

Sangira

Email Facebook Google+ Twitter