BBC Gahuza

Urupapuro rw'itangiriro > Imikino

Rigobert Song ashaka guhindura Cameroun

6 Ukwa gatatu, 2012 - 18:54 GMT
Rigobert Song

Umumenyereza mushasha wa Cameroun, Rigobert Song, aheruka gushikiriza ingingo cumi n'imwe zigomba gukurikizwa mu murwi wa Cameroun.

Rigobert Song yahoze ari kapitene wa Cameroun, akaba yagizwe umumenyereza wa Cameroun itariki zitandatu z'ukwa mbere, ngo agarukane agateka mu murwi.

Mu rukino rwa mbere amenyereza Cameroun, bahuye na Guinee-Bissau, yumvishije umumenyereza Denis Lavagne hamwe n'umugwi wose ngo bisunge ingingo 11, zitanguzwa no kwemera ko umurwi wa Cameroun ari ikintu cubahwa cane.

Abakinyi bose hamwe n'abakozi bashize umukono kuri urwo rwandiko kuwa gatatu muri Guinee-Bissau.

Cameroun yatsinze urukino rwa mbere rwo guhiganirwa ikibanza mu gikombe ca Afrika 2013, itsinda 1-0 cinjijwe na Eric Choupo-Moting.

Rigobert Song amaze gutsinda igikombe ca Afrika inshuro zibiri, ashaka ko umukinyi wese mushasha azoja arashira umukono ku masezerano, ashimangira yuko bategerezwa kwumvikana, bakicisha bugufi kandi bakitanga.

Sangira

Email Facebook Google+ Twitter