BBC Gahuza

Urupapuro rw'itangiriro > Imikino

Fabrice Muamba akomeje guter'intambwe

Facebook Twitter Google+
21 Ukwa gatatu, 2012 - 17:02 GMT
Fabrice Muamba akomeje guter'intambwe

Umuganga akwirikirana abakinyi b' umurwi wa Boltona arvuga ko hakiri kare kugira umuntu amenye nimba Fabrice Muamba azokwigera asubira gukina umupira.

Ariko Dr Tobin avuga ko yatangajwe n'ukugene uwo musore w'imyaka 23 akomeza guter'intambwe mu koroherwa.

Mu kiganiro yatanze mw'ijwi ryumvikana mwo ikigumbagumba, Dr Tobin yavuze ko batinya ahubwo kw' ibintu bishobora kuba nabi kandi batari bizeye ko Maumba ashobora kworoherwa vuba nk'uko biri kino gihe.

Yibutse ingene usanzwe afasha abakinyi Andy Michell ariwe yabonye ubwa mbere ko Fabrice Muamba yaguye, aho ysemereye abira abandi kwiruka mu kibuga ngo batabare.

Avuga ko bagerageje kuzanzamura Fabrice Muamba incuro kabiri ku kibuga kinka, mu nzira bava mu kibuga irindi rimwe, naho amaze kugera muri ambulance bakamugerageza incuro 13, ariko bikanka ko ahumeka.

Ico gihe cose ngo Fabrice yasa n'uwapfuye, kuamra iminota 78.

Mu bisanzwe abandi ngo iyo bakorewe ubu buhinga bwo kuzanzamura, incuro kabiri cvanke gatau bongera guhumeka.

Ariko ngo uko umuntu ateba kwikangura, niko bigora ko asubira gukira.

Mugabo muganga Tobin avuga ko bitandukanye kuri Fabrice, kuko ngo n'umusore akiri muto, kandi abamukurikirana n'abahinga cane mu gufasha abafise izi ngorane z'umutima.

Dr Tobin avuga ko niba ijambo "igitangaza " rishobora gukoreshwa ngo rishobora gukoreshwa kur' iki kibazo ca Fabrice Muamba.

Sangira

Email Facebook Google+ Twitter