Lala Njava
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Africa beats 7

Image caption Lala Njava

Lala Njava yasohoye indirimbo yiwe ya mbere mu 2013, ariko yatanguye kera umwuga wiwe w'ubucuraranzi.

Aturuka mu muryango w'abacurarnzi, ugizwe n'abana 15, aho yatanguye kuririmbana n'abo bavukana akiri muto cane.

Ntivyatevye kugaragara ko ariwe yari kizigenza wabo, nayo ijwi ryiwe n' agahebuza, rigera kure kandi ririsa.

Mu kiganiro ca BBC "Africa Beats", aririmbana na basazawe Pata na Dozzy Njava, hamwe na mwene wabo, Christian Ravalison.

Indirimbo yabo ishingiye imizi muri migenzo ya Malagasy, ariko kandi n' umwihariko wabo, uvanzemwo umudiho w'abanyaburaya no kwikwega, kuvanze n'ibice vy'umudiho nyafrika.

Lala na basazawe 3 ubu baba iBruxelles mu Bubirgi, ariko ibiba mu gihugu cabo c'amavuko birabateye umwitwarriko.

Nizo mpavu Lala yahisemwo guhebera igice c'amafaranga akura mu kugurisha ama CD yiwe, umugambi waho wo gutera ibiti.