Yashinze WhatApp itanga inama kuri Zika
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Yashinze WhatApp itanga inama kuri Zika

Mu gihe Brezil ihanganye n'ikiza ca microcephalie, ubumuga buterwa n'umugera Zika, hari umuvyeyi yigiriye inama yo kugira ico aterera.

Viviane Lima, afise abana b'abakobwa babiri bavukanye ubwo bumuga bwa microcephalie.

Aho aboneye ico kiza kimenyekanye muri ino minsi, yashizeho uburyo bwa WhatApp bwo gufashanya n'abavyeyi bafise abana bavukanye ico kibazo, ababwira ivyo amaze kumenya.