Loza Maleombho arata imideri
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Loza Maleombho arata imideri

Akazi ko gushona impuzu z'imideri si akazi koroshe, rimwe na rimwe nta n'impembo ibona kaza, cane cane iyo ukorera mu muji nka Abidjan muri Cote d'Ivore.

Ariko yo rurangiranwa mu muziki kw'isi, Beyonce, akoresheje impuzu zakoze muri video yiwe, vyose bica bihinduka.

Rwiyemezamirimo, Loza Maleombho, mu gihe gito cane ariko araba rurangiranwa mu rwego rwo kurata imideri. Mu rukurikirane rw'ibiganiro BBC yahariye abagore bitanga kurusha abandi muri Afrika, Loza Maleombho yaganiriye na BBC.