Asia

Amerika yemeye ko ikizura mu mazi iri kumwe na Filipine

Ubwato bubiri buri mu mazi Image copyright Reuters
Image caption Kuva mu kwezi gushize, ubwato bw'intambara bwa Amerika bumaze igihe bukora ubugenzuzi mu nyanja bufatanyije na Filipine

Igisirikare kirwanira mu mazi ca Amerika kirakizura kirikumwe n'abo muri Filipine mw'ibahari yo mu bumanuko bw'Ubushinwa, nk'uko inkuru ziva mu bategetsi zibivuga.

Ni gake Amerika ikizura iri kumwe n'incuti zayo zo muri ako karere.

Umunyamabanga ajejwe kwivuna abansi, Ash Carter, avuga ko Amerika ishobora kwongereza urukurikirane rw'abasirikare babo baza gufasha Filipine.

Imishamirano mw'ibahari yo mu bumanuko bw'Ubushinwa yarongerekanye muri iyi myaka iheze, bituma ico gihugu congereza abasirikare muri ako karere.

Uko gufashanya mu gukizura, kwatanguye mu kwezi guheze, "kuzofasha mu kwongereza umutekano mu mazi aho muri ako karere," uko ni ko Carter yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y'inama yabahuje na prezida wa Filipine, Benigno Aquino.

Abasirikare ba Amerika n'indege z'intambara bari muri iryo myimenyerezo bari kumwe n'abasirikare ba Filipine.

Ibahari yo mu bumanuko bw'Ubushinwa iteje impari

Image copyright Reuters
Image caption Ubushinwa bumaze igihe busaba ko bwakwigarurira ubutaka buri mu nyanja y'amajyepfo y'Ubushinwa

Ivyo bitangajwe inyuma y'imisi mike uwuserukira igihugu ca Filipine asavye Amerika kugondoza Ubushinwa kureka kwubaka mw'ibahari iri mu bumanuka bw'ico gihugu, hafitiye akamaro abarovyi bo muri Filipine.

Amerika yarongereje uburyo ifasha incuti zayo mu bumanuko bwa Pacifike mu mezi make aheze, bivuye ku nyubakwa za gisirikare z'Ubushinwa harimwo no kwubaka amazing ariko ibibuga vy'indege.

Ubushinwa buvuga ko igice kinini c'amazi ari icayo, bukaba bushaka isi iri mu nkengera z'ayo.

Amerika hamwe n'ibindi bihugu vyarasavye ko ivyo bikorwa bihagarara, bagiriza ubushinwa ibikorwa vya gisirikare, mu gihe ubushinwa bwo buvuga ko ari inyubako zisanzwe z'abanyagihugu.

Mu ndwi iheze, abategetsi ba gisirikare ba Amerika baramenyesheje ko bashobora gutanga imiliyoni 40 z'amadolalri, nk'imfashanyo za gisirikare ku gihugu ca Filipine, gusangira inkuru z'iperereza, gucungera hamwe no kugukizura mu mazi.