Ubuzima bwa Muhammad Ali mu mafoto

Muhammad Ali, then known as Cassius Clay, wins Olympic gold in Rome
Muhammad Ali yavutse yitwa Cassius Marcellus Clay i Louisville, Kentucky kw'itariki ya 17 ukwezi kwa mbere mu 1942. Yatanguye urukino rwo gukubitana ingumu afise imyaka 12, akaba yararonse umudari w'inzahabu mu bafise ibiro bicirirtse mu nkino za Olympic zo mu 1960 i Rome
Muhammad Ali, then known as Cassius Clay
Clay yagize urwo rukino umwuga mu kwezi kwa cumi mu 1960 afise imyaka 18, aratsinda inkino 18 imbere yo kuja mu Bwongereza mu kwezi kwa gatandatu mu 1963, mu rukino rwa mbere yagize yemerewe amafaranga, mu kindi gihugu, akaba yari yavuze ko azotsinda rurangiranwa wo muri ico gihugu Henry Cooper mu gice (round) kigira gatanu.
Muhammad Ali, then known as Cassius Clay, and Henry Cooper
Cooper yakubise hasi mu gice kigira kane c'urukino, atuma adasubira mu kibuga ku gice we nyene yari yivugiye ko azotsindirako Cooper, imbere y'abarorerezi barenga 55,000 ku kibuga ca Wembley
Muhammad Ali, then known as Cassius Clay, in February 1964
Clay yaronse intsinzi ya mbere ku rwego mpuzamakungu mu kwezi kwa kabiri mu 1964, Aho yirahira uwari rurangiranwa kw'isi mu gukubitana ingumu ico gihe Sonny Liston. Liston yari yavuze:"Nibaza ko nza kumerera nabi cane urya muhungu."
Muhammad Ali, then known as Cassius Clay, and Sonny Liston
Mu gihe yahabwa amahigwe make n'abahinga b'urwo rukino imbere y'uko rutangura, Clay yarabiciye biracika i Miami, aho Liston yataye akomoka imbere y'uko hatangura igice c'indwi, aca atsindira kuba uwa mbere kw'isi muri urwo rukino mu bafise ibiro vyinshi, afise gusa imyaka 22
Muhammad Ali, then known as Cassius Clay
Intsinzi ya Clay kuri Liston yabaye kandi izokwama imvwe muzatunguranye muri kahise k'urukino rwo gukubitana ingumu kw'isi. Ico gihe mbere Clay yavuze amajambo menshi gusumba uko yahora:"Ndi igihangange! Ndi umwami w'isi!"
Muhammad Ali
Ali - yamenyesheje ko abaye umu Islam, aca afata n'izina rishasha bivuye ku ntsinzi yagize kuri Liston, yagwaniye ikibanza ciwe ca mbere mu rukino rwabahuje na Liston, i Lewiston, Maine mu kwezi kwa gatanu mu 1965
Muhammad Ali and Sonny Liston
Ali yarasubiye gutsinda mu rundi rukino rwabahuje na Liston, inyuma yo kumukubita hasi ku munota wa mbere w'igice ca mbere.
Muhammad Ali and Floyd Patterson
Mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 1965 Ali yarasubiriye kugwanira ikibanza ciwe ahuye n'uwahoze ari uwa mbere kw'isi Floyd Patterson, aza kumutsinda ku gice ca 12.
Muhammad Ali
Ali yarasubiye mu Bwongereza gusubira gutana mu mitwe na Henry Cooper ubugira kabiri mu kwezi kwa gatanu 1966, ku kibuga cahoze ari ica Arsenal, Highbury. Abarorerezi b'abongereza batari baje kuraba urukino rwa mbere, bose baguma bamukurikirana uko atera intambwe.
Muhammad Ali
Angelo Dundee, ariko arihweza neza ikiganza ciwe imbere y'urukino rwabahuje na Cooper, yagumye ari kumwe Ali kuva nko mu ntango agitangura urwo rukino. "Hari Cassius Clay," nk'uko Dundee yabivuze. "Imana ishimwe."
Muhammad Ali and Henry Cooper
Ali yahagaritse Cooper ku gice kigira gatandatu inyuma yo gukomeretsa uwo mwongereza ku jisho ry'i buryo. Ku rupfu rwa Cooper mu 2001, Ali yavuze ati:"Mbuze umugenzi wanje wo kuva kera, yari umugwanyi akomeye kandi w'intungane."
Muhammad Ali and Ernie Terrell
Intsinzi ya Ali igira umunani yayironse mu kwezi kwa kabiri mu 1967 atsinze Ernie Terrell.
Muhammad Ali
Amaze gusubira kugwana na Zora Folley, Ali yatswe umudari wiwe kubera yanse kwinjira mu gisirikare ngo aje kugwana mu gihugu ca Vietnam. Vyatwaye imyaka itatu kugira asubire gukina.
Muhammad Ali and Joe Frazier
Ali yatsinzwe ubwa mbere mu rukino rwamuhuje na Joe Frazier i Madison Square Garden mu kwezi kwa gatatu mu 1971. Bwari bubaye ubwa mbere abakinyi babiri mpuzamakungu bafise ibiro vyinshi bahurira mu kibuga.
Muhammad Ali and George Foreman
Ali yarasubiye gutsinda urundi rukino rwamuhuje na Frazier ariko igihe ciwe c'umunezero cashitse igihe mu nyuma mu 1974, igihe kumutsinda ku gice c'umunani.
Muhammad Ali
Ali yishimikije imigozi akubita ingumu yikurikiranya Foreman, aba umuntu wa kabiri muri kahise k'urwo rukino ashoboye gusubira gutsindira umudari mu bafise ibiro vyinshi, afise imyaka 32.
Muhammad Ali and Joe Bugner
Ali yatsinze umwongereza Joe Bugner i Kuala Lumpur, Malaysia mu kwezi kwa gatandatu mu 1975. Inyuma y'ayandi mezi make, Ali yasubiye kuronka intsinzi kuri mukeba wiwe Joe Frazier i 'Thrilla in Manila'
Muhammad Ali
Ali yaratsinzwe na Leon Spinks mu 1978 imbere yuko na we amutsinda muri uyo mwaka nyene. Yaciye amenyesha ko ahevye amahiganwa inyuma y'amezi icenda.
Mike Tyson and Muhammad Ali
Inyuma yo gutsindwa na Holmes, Ali yarasubiye aragwana rimwe, aratsindwa na Trevor Berbick, imbere y'uko asezera muri urwo rukino afise imyaka 40. Mu bafise ibiro vyinshi hasigaye ata wundi agaragara aboneka, gushika aho haziye Mike Tuson mu myaka ya 1980.
Muhammad Ali
Ali bamutoye ingwara ya Parkinson mu 1984 ariko ahangana n'iyo ngwara nk'umugabo. Mu 1996, Ali yarabonetse imbere y'abantu amamiliyaridi igihe yatsa urumuri rwa Olympic i Atlanta.
Muhammad Ali
I Atlanta kandi, Ali yarasubiye guhabwa umudari w'inzahabu yaronkeye mu nkino za Olympic z'i Roma mu 1960. Ali avuga ko umudari yari yahawe yawujugunye mu ruzi rwa Ohio, inyuma y'aho banse kumwakira muri restaurant y'abazungu, n'aho nyene hari amakenga kuri iyo nkuru.
Lennox Lewis and Muhammad Ali
Mu kimpumbi gishasha, Ali yaronse udushimwe twinsi cane- abanywanyi ba radio BBC bamutoye nk'umunonotsi wa mbere w'ikinjana, muri uwo mwaka nyene umwami w'abakina urukino rwo gukubitana ingumu mu Bwongereza, Lennox Lewis, na we yaronse agashimwe gakomeye.
Laila Ali
Umukobwa wa Ali na we yagiye mu rukino rw'ingumu afise imyaka 15, aba rurangiranwa mu 1999, aranatsinda umukobwa wa Joe Frazier, Jackie Frazier-Lyde mu 2001. Laila yarabaye uwa mbere mu biro biciriritse mu 2002, aheba urwo rukino mu 2007
Muhammad Ali and Will Smith
Mu 2001, agakino kiswe 'Ali yarekuwe' kakinywe na Will Smith karasohotse. Ali yagumye aboneka rimwe na rimwe ari kumwe n'abantu bakomeye kandi bameze neza kw'isi, n'aho ubuzima bwiwe bwagenda bumera nabi.
Muhammad Ali
Ali, aho yabonetse mu birori vyo gufasha ry'ishirahamwe rifise izina ryiwe mu 2011, atanguye kubura inguvu ageze mu myaka ya 70. "Nibaza ko nkeka iyi ngwara ya Parkinson ari inzira y'Imana yo kunyibutsa ikintu gihambaye,"
Muhammad Ali (second right) attends the opening ceremony of the London 2012 Olympics alongside the likes of UN Secretary General Ban Ki-moon and distance runner Haile Gebrselassie
Muhammad Ali (uwa kabiri i buryo ) ari mu birori vyo kwugurura inkino za Olympic z'i Londres mu 2012, ari kumwe n'umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Ki-Moon(uwa kabiri i bubamfu), hamwe n'umunonotsi karuhariwe mu kwiruka Haile Gebrselassie (ahagaze i bubamfu)