Ubufaransa burashaka Salah Abdelslam

Salah Abdelslam

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Salah Abdelslam

Umwe mu baronderwa bakekwako uruhara mu bitero vyo mu kwa cumi na rimwe i Paris, yavuye mu bitaro.

Salah Abdelslam yari mu bitaro acunzwe n'igipolisi mu Bubirigi, inyuma yo gukomerekera mu gitero c'umukwabu yafatiwemwo.

Perezida w'Ubufaransa Francois Hollande, yavuze ko yiteze ko Salah Abdelslam arungikwa kuburanishirizwa mu Bufaransa mu minsi mike.

Inzego z'umutekano ziteze ko ahishura amabanga akomeye ku nteguro z'ibindi bitero ndetse n'ibisenge vy'abakorana n'umurwi Islamic State ku mugabane wa Bulaya.

Bizeye kandi ko ashobora kubabwira uwoba yari kw'isonga mu gutegura ibitero vyagabwe mu muji wa Paris.

Abantu 130 baguye muri ivyo bitero vy'i Paris mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze.