Cricket: Ubuhinde na Pakistan birahura

Ahavuye isanamu, AP
T20 Ubuhinde vs Pakistani
Abajejwe umutekano baharurwa mu bihumbi barungitswe mu muji wa Kolkata mu Buhinde, ahaza kubera urukino rwa criket ruhuza Ubuhinde na Pakistani, mu nkino zo guhiganirwa igikombe ca cricket ca 2020.
Ikibuga ca Kolkata gishobora kwicarika abantu barenga ibihumbi mirongo itandatu, ariko amatike yose yamaze kugurishwa kandi abenshi baracarondera kubona tike.
Abanyamakura bavuga ko ubuzima buca busa n'ubwahagaze iyo imirwi y'ivyo bihugu ihura, kuko abaharurwa muri za miliyoni bakurikirana umupira kuri tereviziyo.
Pakistani yahatswe kwanka kwitabira urwo rukino ku munota wa nyuma kubera impungenge z'umutekano, zatumye mbere n'ikibanza cari categuwe ubwa mbere gihindurwa.
Ubuhinde na Pakistani vyabaye ibihugu vyigenga mu 1947.
Igiergeza rya mbere ryo kubihuza ryabaye mu 1952, aho Pakistani yakiniye mu Buhinde.
Hagati ya 1954 na 1955, Ubuhinde nabwo baragiye muri Pakistani.
Hagati y'imyaka ya 1962 na 1977, nta rukino rwa cricket rwigeze ruhuza ivyo bihugu kuko vyari mu ntambara kuva mu 1965 kugeza 1971.
No mu 1999, intambara ya Kargil, eka n'ibitero vya Mumbai mu 2008, vyarahungabanije imigenderanire y' ivyo bihugu iciye mu mahiganwa ya cricket.