Amatora muri Congo Brazaville

Perezida Denis Sassou Ngweso yitoje ubwa 3

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Perezida Denis Sassou Ngweso yitoje ubwa 3

Abategetsi bo muri Repubulika ya Congo bategetse amashirahamwe abiri kugara terefone na Internet uno munsi mu gihe bari mu matora.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwatangaje ko iyo ngingo yafashwe kubera imvo z'umutekano.

Umwe mu bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'abatavuga rumwe na leta, Jean Marie Michel Mokoko, avuga ko yahamajwe na police, akavuga ko ari ugushaka kumubuza kwitoza.

Aba kandida umunani nibo bariko bahiganwa Denis Sassou Nguesso amaze igihe kirekire ku butegetsi.

Mu mwaka ibwirizwa nshingiro rya Congo ryarahindutse kugira Denis Sassou yongere kwitoza.