IS iregwa igitero ca Istambul

Ahavuye isanamu, AP
Abantu bashize amashurwe ahabereye igitero
Abategetsi bavuga ko igitero co Istambul kuwa gatandatu cagabwe n'abayoboke ba Islamic State.
Bavuga ko abandi bantu batanu batawe muri yompi kubera uruhara bakekwako muri ico gitero cagabwe kw'ibarabara righenderwa cane hagati mu muji wa Istambul.
Abantu bane barasize ubuzima muri ico gitero, canahitanye nyene gutega igisasu ubwiwe.
Nyene kwituritsa basanze ari uwuzwi kw'izina rya Mehmet Öztürk, afise akabira ka Turkiya.
Mu basize ubuzima muri ico gitero harimwo umunya Israel, ico gihugu kikaba cabwiye abanyagihugu baco kwirinda kuja muri Tuyrkiya.
Kugeza ubu nta murwi uriyitirira ico gitero.

Igisasu catewe Istambul cahitanye 4
Amakuru aturuka muri Turkiya amnyesha ko hari igisasu caturikiye hagati mu muji wa Istambul