Umushikiranganji wa mbere wa Somalia arashigikiye kudaca ibitsina abapfasoni

Ifrah Ahmed ni we yagondoje umushikiranganji wa mbere gushirako umukono

Ahavuye isanamu, Ifrah Ahmed,

Insiguro y'isanamu,

Ifrah Ahmed ni we yagondoje umushikiranganji wa mbere gushirako umukono

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia yashigikiye ku mugaragaro isekeza ryo kubuza umugenzo wo guca ibitsina vy'abapfasoni mu gihugu ciwe.

Bisanzwe bitandukanye n'ibwirizwa shingiro ariko abashingamateka ntiyari bwemeze iryo tegeko ribuza uwo mugenzo.

Omar Abdirashid Ali Sharmarke yashigikiye iciyumviro c'abarenga umuliyoni bamaze gushira umukono ku rwandiko ruri ku rubuga ngurukanabumenyi ruhamagarira guhagarika uwo mugenzo.

Ishami rya Onu rijejwe abana kw'isi, Unicef, rigereranya ko abakobwa barenga 90% b'abanye Somalia baciwe ibitsina.