Amnesty: Turkia irirukana impunzi ku nguvu

Impunzi ibihumbi n'ibihumbi z'abanye Syria ziri mu makambi y'impunzi muri Turkia

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Impunzi ibihumbi n'ibihumbi z'abanye Syria ziri mu makambi y'impunzi muri Turkia

Igihgu ca Turkia carasubije inyuma ku nguvu impunzi z'abanye Syria, nk'uko biri mu cegeranyo ca Amnesty International.

Iryo shirahamwe rivuga ko abanye Syria boba bashika ijana basubizwa inyuma mu gihugu cabo kirimwo intambara buri musi, kuva hagati mu kwezi kwa mbere, barenze ku mategeko mpuzamakungu.

Amnesty International ivuga ko icegeranyo cabo cerekana ibitagenda neza mu mwumvikano uherutse gushikwako hagati ya EU na Turkia, ugamije guhagaraika igitigiri c'impunzi zisukira mu Bugiliki.

Turkia kirahakana ko kitigeze cirukana izo mpunzi ku nguvu.

Ico cegeranyo gisohotse imbere y'imisi mike gusa ngo Turkia cakire impunzi za mbere zisubijwe inyuma ziva mu Bugiliki, hakurikijwe amasezerano bafitaniye na EU. Ku musi wa gatanu, Onu yarasavye icemeza ko ata co bazoba imbere y'uko basubizwa inyuma.

Iryo shirahamwe rivuga ko amatohoza ryagize mu bumanuko bwa Turkia basanze abategetsi bafata kandi bagasubiza inyuma abantu boba bashika 100, harimwo abagore n'abana buri musi kuva hagati mu kwezi kwa mbere.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Impunzi zidakurikije amategeko zibandanya gushika mu Bugiliki, ariko igitigiri caragabanutse

Hakurikijwe itegeko mpuzamakungu ryo "kutirukana impunzi" igihugu kirabujijwe gusubiza inyuma abantu mu kibanza kiriko kiraberamwo intambara.

Amnesty ivuga ko bamwe mu basubijwe inyuma bari bari abana batatu bakiri bato, basubijwe inyuma muri Syria batari kumwe n'abavyeyi babo, mu gihe ahandi basubije inyuma umupfasoni afise umwana w'amezi umunani.

Bavuga ko benshi mu basubijwe inyuma biboneka ko ari abatari bwiyandikishe ariko kandi ko bamenye ko hari n'abandi bari bamaze kwiyandikisha basubizwa muri Syria mu gihe basanze batagendanye ibibaranga.

"Ubunyamaswa bukoreshwa mu kubasubiza inyuma, birababaje; Turkia itegerezwa kubihagarika ubu nyene," nk'uko vyavuzwe na John Dalhuisen, umukuru wa Amnesty ku mugabane wa Buraya no muri Asia yo hagati.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Impunzi nyinshi zirundanye mu buraruko bw'Ubugiliki, kuva aho ibihugu vya EU vyugariye imbibe

Mu masezerano ya EU na Turkia, abimukira bashitse mu Bugiliki badakurikije amategeko, vyitezwe ko bazosubizwa inyuma kuva itariki zine z'ukwezi kwa kane, mu gihe batazoba basavye ubuhungiro canke babubuze.

Mu kubasubiriza mu ndumane, Turkia kizoronswa imfashanyo hamwe n'uturusho muri politike.

Hari abavuga ko bizotuma Turkia kiba igihugu gitanga ubuhungiro, ariko Amnesty ivuga ko atari ko bimeze namba.