Video y'intambo y'inguge yasamaje abantu

Video y'intambo y'inguge yasamaje abantu

Abantu baharurwa muri za miliyoni bamaze kuraba video yaciye kuri Facebook, yerekana inguge y'imyaka itatu yitwa Lope yo mu kigo c'ibikoko ca Twycross kiri Leicestershire iriko iratamba.

Umuyobozi ajejwe ubushakashatsi ku buzima bw' ibikoko muri ico kigo, Dr Charlotte Macdonald, yavuze ko gutamba kwa Lope ari ikimenyetso c'uko ishobora gukina, kimwe mu bimenyetso bikomeye muri kamere y' inguge zikiri nto.