Abantu 4 barishwe i Bururi mu Mugamba

Ahavuye isanamu, other
Kugeza ubu ibitero biba rimwe na rimwe ku Barundi nta murwi vyitirirwa
Abantu bane baraye bishwe muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi mu bumanuko bw'Uburundi.
Amakuru y'abahaba n'abajejwe intwaro avuga ko abantu bafise ibigwanisho bateye bakica abantu batatu bari mu bunywero ku mutumba wa Nyatubuye.
Uwakane yiciwe ku mutumba wa Muyange_Kavumu bihana urubibe na Nyatubuye.
Ku ndwi iheze aho mu Mugamba hari hishwe umwe mu barongoye intwaro mu nzego zo hasi, si ubwa mbere havugwa abantu bitwaje ibigwanisho.

Abantu 5 barishwe, abandi barakomereka mu ntara ya Ruyigi
Abajejwe intwaro mu ntara ya Ruyigi iri mu buseruko bw'Uburundi, bavuga ko abantu batanu bishwe abandi 6 barakomereka mu gitero co kuwa mbere