Mugabe yavuganye na Welby ikibazo c’abubakana basangiye igitsina

Robert Mugage

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Robert Mugabe arwanya cane abubakana basangiye igitsina

Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, yabonanye na musenyeri mukuru wa Canterbury, baravugana ivyerekeye ikibazo c'abubakana basangiye igitsina.

Musenyeri mukuru Justin Welby yavuze ko yishuye uwo mutegetsi ko ivyerekeye abubakana basangiye igitsina bibonwa mu buryo butandukanye mu bayoboke b'idini rya Anglican kw'isi.

Yongeyeko ko benshi mubayoboke b'iryo dini bemeza ko kwubakana ari kubana umwanya muremure hagati y'umugabo n'umugore.

Musenyeri Welby yavuze ko ari ikosa kubacira urubanza canke kubahana kubera aho bahagaze kubijanye no kwubakana canke gukundana.

Vyagaragaye ko prezida Mugabe batumvikanye kuri ico kibazo.

"Sinibaza ko kwoba ari ukuri ko prezida Mugabe twavuze rumwe kuri ico kibazo," uko ni ko musenyeri Welby yavuze.

Iyo nama y'ikitaraganya yabereye mu gisagara ca Harare, inyuma y'aho musenyeri Welby, yari mu gihugu kibanyi ca Zambia mu nama y'abakuru b'idini rya Anglican, agiriye urugendo rw'akanya gato mu gihugu ca Zimbabwe.

Umuvugizi w'uwo musenyeri avuga ko uwo mubonano wateguwe mu minota yanyuma, kandi ukaba wamaze umwanya uri musi y'isaha.

Prezida Mugabe ni umukatolika aterekwa ukwubakana hagati y'abantu basangiye igitsina.

Abategetsi b'iryo dini bavuga ko uwo mubonano wibanze cane kw'idini gusumba politike, n'aho havugiwemwo imigenderanire iri hagati ya reta n'iryo dini rya Anglican.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Musenyeri Justin Welby ubu avuga ko ibintu vyifashe neza

Umumenyeshamakuru wa BBC, Callum May, avuga ko iyo nama ibaye iya mbere ihuje musenyeri mukuru w'idini rya Anglican na prezida Mugabe kuva mu 2011, aho imigenderanire hagati y'iryo dini na reta yari imeze nabi cane.

Musenyeri Welby ubu avuga ko ibintu vyifashe neza cane.

Ikibazo co kwemera abantu bubakana basangiye igitsina ryagumye ritera impari cane cane mw'idini rya Anglican kw'isi, aho vyiyamirizwa cane mu karere ka Afrika.

Mu kwezi kwa mbere uyu mwaka, abakuru b'iryo dini barahuriye i Canterbury, bavuga bashimitse ko uwkubakana kuba hagati y'umugabo n'umugore, banahagarika intara ya Amerika imaze kwemera abubakanye basangiye igitsina.

Bavuze ko barenze kuvyo abayoboke benshi bemera ku vyerekeye ukwubakana mu ba anglican.