Umubonano wa OTAN n’Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe rya OTAN
Abaserukira ibihugu bigize ishirahamwe ryo kugwaniriza umwansi hamwe Otan, barabonana n'intumwa z'igihugu c'Uburusiya mu gisagara ca Burexelles, incuro ya mbere mu myaka ibiri.
Umubonano hagati ya Otan n'Uburuyiya wasivye inyuma y'aho Uburusiya bwogaruriye akarere ka Crimee mu mwaka wa 2014.
Intambara zo mu buseruko bwa Ukraine na zo nyene zaragize uruhara rukomeye muri uko kurabana ribi.
Umuvugizi wa Otan, avuga ko uwo mubonano udasigura ko ibintu vyasubiye mu buryo, ariko ko ari ikimenyetso ko ibiganiro bikenewe.
Uwo mubonano ubaye inyuma y'ibintu vyinshi vyabereye mw'ibahari Baltic aho Amerika iguma yidogera ibikorwa vy'indege za gisirikare z'Uburusiya.
Uburuziya burahakana bukarengwa ko butarenze kw'itegeko na rimwe, kandi ko gushira abasirikare ba Otan mu buseruko bwa Buraya itabaye ingingo nziza.