Welbeck agiye kumara amezi icenda adakina

Ahavuye isanamu, PA
Danny Welbeck agiye kumara amezi icenda adakina kubera imvune
Umukinyi w'imbere w'umugwi wa Arsenal n'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Danny Welbeck, azomara amezi icenda adakina inyuma yo kubagwa bivuye ku mvune yo mw'ivi.
Welbeck w'imyaka 25 yavunitse ukuguru k'uburyo igihe umugwi wiwe wanganya na Man City ibitego 2-2 ku musi w'Imana, kandi ntazoja mu nkino za Euro 2016.
Umugwi wiwe wa Arsenal uvuga ko ibipimo vyakozwe vyerekanye ko yababaye cane kandi ko atari nk'uko yari yavunitse igihe yamara amezi indwi adakina muri uyu mwaka.