Prezida Museveni arashikirizwa ubutegetsi ubwa gatandatu

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Museveni yarahiriye kurongora Uganda mu kiringo ciwe kigira indwi
Prezida Museveni ararahirira kurongora igihugu ca Uganda incuro ya gatandatu yikurikiranya.
Uwo mukuru w'igihugu amaze gutwara imyaka mirongo itatu, irahizwa ryiwe ryitabwe n'abakuru b'ibihugu 14 hamwe n'abandi bashitsi b'iteka, rije inyuma yo gutsinda amatora yo kw'itariki 18 ukwezi kwa kabiri.
11.15 am: Prezida Museveni yagenduye ingabo inyuma yo kurahizwa.
11.10 am: Prezida Museveni yarahijwe icese n'umucamanza mukuru.
11.05 am: Uyu musi watangajwe ko ari umusi w'akaruhuko, kugira abantu baze kwigina ivyo birori ari benshi, n'aho hari ubwoba kubera umugambwe utavuga rumwe na reta wa FDC n'uwawuserukiye mu matora y'umukuru w'igihugu Dr Kizza Besigye, bagihakana intsinzi ya Museveni.
11.00 am: Prezida Museveni ararahirira kuba kurongora Uganda mu kiringo kigira gatandatu yikurikiranya.
Abasirikare ba Uganda mu birori vyo kwimika prezida Museveni
Musevni ashikiriza ubutegetsi Museveni si bishasha ku baganda