Dilma Rousseff ariyamiriza ibogozwa ryiwe

Ahavuye isanamu, EPA
Prezida Dilama Rousseff afata ihagarikwa ryiwe nk'itembagazwa ry'ubutegetsi
Prezida wa Brezil Dilma Rousseff yiyamirije umugambi wo kumubogoza avuga ko ari nko " gutembagaza ubutegetsi", anahakana ko ata kibi yakoze.
Yariko arashikiriza ijambo abanyagihugu kuri television, ubwa mbere kuva abakenguzamateka bemeje muri iri joro kuba baramuhagaritse mu mabanga yiwe yagirizwa kuba atakurikije amategeko agenga amahera akoreshwa na reta, no kumucira urubanza.
Umupfasoni Rousseff yarahiriye kurwanya "akarenganyo" akoresheje amategeko.
Ahavuye isanamu, Reuters
Icegera ca prezida Rousseff, Michel Timer ni we azoba ararongora igihugu mu kiringo c'imfatakibanza
Icegera c'umukuru w'igihugu Michel Timer ni we azoba ararongora igihugu mu gihe urubanza rwa Rousseff ruzoba ruriko rurabandanya.
Urwo rubanza rushobora kumara imisi 180, bisigura ko Rousseff azoba atari we aramutswa igihugu igihe hazoba hariko haraba inkino za Olympic i Rio de Janeiro, zizotangura itariki 5 ukwezi kw'umunani.