CODIP yiginye umwaka uheze haburijwemwo coup d'Etat

Amashirahamwe 3000 ari mu runani CODIP mu myiyerekano yo kwibuka umwaka uheze hageragejwe itembagazwa ry'ubutegetsi
Urunani rwamashirahamwe CODIP rwagize imyiyerekano yo kwibuka umwaka uheze haburijwemwo itembagazwa ry'ubutegetsi mu Burundi.
Abantu barenga igihumbi bagize urugendo hagati mu gisagara ca Bujumbura kugira bibuke umwaka uheze ''Uburundi busimvye icobo'' c'abashaka gutembagaza ubutegetsi.
Abo bantu bagizwe ahanini n'abirimizi bagwiriyemwo abagore n'abaca amafaranga mu kwunguruza abantu ku makinga (taxi velos) bari bahamagawe n'urunani rw'amashirahamwe y'iterambere ry'abanyagihugu CODIP (Collectif des Organisations pour le Developpement Integre de la Population) ruhurikiyemwo amashirahamwe arenga 3000 mu gihugu cose.
Bahuriye ku kibanza citiriwe kwikukira, baca bagira urugendo badugana ibarabara ryitiriwe Umugamwa Ludoviko Rwagasore bagana ikibuga citiriwe uwo Muganwa nyene (Stade Prince Louis Rwagasore).
Umukuru wa CODIP Deo Habomnimana yabwiye abari bitavye iyo myiyerekano ko bari baje gushimira imana umwaka uheze ikingiye Uburundi mu gihe hari abashaka kubuta mu manga.
Yavuze ko inyuma y'imyaka 10 ata muntu abonye blinde mw'ibarabara ku munsi wa 13 ukwezi kwa 5 mu 2015, ''blinde yasubiye kuja mw'ibarabara''.
''Ariko kubera ubushobozi bw'imana, yahamaze umwanya urume rumara''.
CODIP mu gukeze umukuru w'igihugu yamugabiye inyana y'inka.

Amashirahamwe ari muri CODIP iriyamiriza ibiganiro vyohuza reta n'abashatse gutembagaza ubutegetsi
Uwurongouye urunani CODIP yananeguye umunyepolitike atavuze izina ''yahagaze mu Rwanda mu 93 agahamagarira abahutu kumara abatutsi none ubu na ho ahagaze aho mu Rwanda nyene ahamagarira abatutsi guhunga ngo baje gufata umuheto''.
CODIP ivuga ko ishigikiye ibiganiro bibera mu gihugu ariko idashigikiye kuganira n'abashatse gutembagaza ubutegetsi ''.