Korea ya ruguru 'iraha inkoho igihugu ca Congo'

Ahavuye isanamu, AFP
Korea ya ruguru iraha imfashanyo y'inkoho n'imyimenyerezo abasirikare ba Congo
Icegeranyo co mw'ibanga c'abahinga ba Onu gifiswe n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters, kivuga ko abategetsi bakuru bo mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bavuze ko Korea ya ruguru yahaye abasirikare inkoho ntonto.
Bavuze kandi ko Korea ya ruguru barungitse abigisha 30 kwigisha abasirikare bacungera umukuru w'igihugu hamwe n'ingabo za karuhariwe.
Ibihano vyafatiwe Korea ya ruguru biyibuza kugurisha inkoho, kugura hamwe no gutanga inyigisho.
Abo bahinga bavuga ko basanze abategetsi benshi ba gisirikare hamwe n'igipolisi, barungikwa mu butumwa bwa Onu, baboneka bafise izo nkoho ntonto za pistolet.