Umwaka w'intureka mu Burundi mu mafoto

Amafoto amwe amwe yerekana intureka zimaze umwaka mu Burundi

Bujumbura
Insiguro y'isanamu,

Umwe mu basore yari amaze gukomerekera mu mishamirano hagati y'igipolisi n'abari mu myiyerekano

Insiguro y'isanamu,

Abamenyeshamakuru bakurikirana imyiyerekano buri musi

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano barazibiye amabarabara atandukanye bakoresheje ama pneu n'amabuye

Insiguro y'isanamu,

Abajejwe umutekano mu gikorwa co kuburizamwo imyiyerekano

Insiguro y'isanamu,

Intumwa ya Onu mu karere k'ibiyaga binini, Said Djinnit ariko aragerageza kwumvikanisha abaneypolitike imbere y'uko atanga imihoho muri ico gikorwa

Insiguro y'isanamu,

Bamwe mu banyagihugu ba Bujumbura bariko barigina coup d'Etat mu kibanza citiriwe ukwikukira

Insiguro y'isanamu,

Akanyamuneza k'abari mu myiyerekano basanganira abasirikare bagize coup d'Etat bari mu kimodoka kitamenwa(Blinde)

Insiguro y'isanamu,

Bamwe mu basirikare bari mu bshaka gutembagaza ubutegetsi bishikanye inyuma y'intamabara kuri radio RTNB

Insiguro y'isanamu,

Bamwe mu basirikare bashaka gutembagaza ubutegetsi bahejeje gufatirwa muri zone Kibenga muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura

Insiguro y'isanamu,

Gen Cyrille Ndayirukiye, icegera c'uwari yashatse gutembagaza ubutegetsi ahejeje gufatwa

Insiguro y'isanamu,

Gen Zenon Ndabaneze yari mu bashatse gutembagaza ubutegetsi ahejeje gufatwa

Insiguro y'isanamu,

Gen Nimenya Helmenegilde ari mubashatse gutembagaza ubutegetsi itariki 13 ukwezi kwa gatanu 2015

Insiguro y'isanamu,

Abasirikare, abapolisi n'abamenyeshamakuru bashengereye mu kibanza cari gihejeje gufatirwamwo abashatse gutembagaza amategeko

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji w'umutekano mu gihugu Gen Gabriel Nizigama ni we yari arongoye igikorwa co gufata abashatse gutembagaza ubutegetsi

Insiguro y'isanamu,

Inzu abashatse gutembagaza ubutegetsi bafatiwemwo muri zone Kibenga, komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura

Insiguro y'isanamu,

Prezida Pierre Nkurunziza yiyereka abamenyeshamakuru ubwa mbere kuva hageragejwe kumukura ku butegetsi

Insiguro y'isanamu,

Gen Godefroid Niyombare yari arongoye abashatse gutembagaza ubutegetsi

Insiguro y'isanamu,

Abashatse gutembagaza ubutegetsi imbere ya sentare mu ntara ya Gitega, hagati mu Burundi