Umupfasoni wa mbere nk'umunyamabanga mukuru wa FIFA

Fatma Samba Diouf

Ahavuye isanamu, FIFA

Insiguro y'isanamu,

Fatma Samba Diouf ni we mupfasoni wa mbere yagenywe kuba umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru FIFA

Ku ncuro ya mbere, umupfasoni yagenywe kuba umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, ishirahamwe ku ruhande rurnini rirongowe n'abagabo.

Umupfasoni Fatma Samba Diouf Samoura wo mu gihugu ca Senegal ni we agiye kuba umunyamabanga mukuru mushasha.

Azoba ashinzwe gukurikirana ibikorwa vyo ku musi ku musi muri iryo shirahamwe aho muri uyu mwaka ryagirijwe ibikorwa vyo kurya igiturire.

Yakoze mu buserukizi kuva kera, ubu akaba yari arongoye ibikorwa vya Onu vyo gutanga imfashonyo muri mu gihugu ca Nigeria.

Yari akoze muri Onu imyaka 21.

Umupfasoni Samoura avuga ko anezerejwe cane n'iryo genwa.

Itangazo ryo kumugena ryasomwe n'umukuru wa Fifa Gianna Infantino mw'ikoraniro kaminuza rikuru ry'iryo shirahamwe ririko rirabera muri Mexique.

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa Fifa Jerome Valcke yaronse igihano yo kutaja mu kintu na kimwe cerekeranye n'umupira w'amaguru mu kiringo c'imyaka 12, mu ntango z'uyu mwaka.