Samoura ngo azohindura isura ya FIFA

Umunyamabanga mukuru musha wa FIFA
Insiguro y'isanamu,

Fatma Samoura

Fatma Samoura, umukenyezi aturuka muri Senegal, yatowe ku munsi wa gatanu mu rwego nyobozi rw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, rwahitiye ruvurwamwo ikibazo ca ruswa gikomeye.

Mu kiganiro yatanze ejo, yavuze ko azofashisha urwo rwego rwa FIFA ubuhinga yaronse mu myaka 20 mu kazi, bujanye no no gukorera ku mugaragaro n'intwaro ibereye.

Fatma Samoura, ngo akazofasha FIFA gushika kugaragaza neza uburyo ikoresha amafaranga yayo.