Domenico Scala yavuye muri FIFA

Ntiyanezerejwe n'amahinduka muri FIFA

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Domenico Scala

Umwe mu bategetsi ba FIFA yatanze imihoho biturutse ku kutumvikana ku mahinduka yazanywe yemeza ko agabanya ubwigenge bw'urwo rwego.

Domenico Scala, akuriye igisata kijejwe kugenzura ikoreshwa ry'amafaranga muri urwo rwego nyobozi rw'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, yashavujwe n'uko inama mpanuzwajambo nshasha y'urwo gwego yahawe ububasha bwo gukura abategetsi bo mu bindi bisata vyarwo.

Aho harimwo nk' abo mu gisata arimwo c'ubugenzuzi n'ikiraba ivyo amafaranga, ndetse n'abo mu gisata kijejwe kubahiriza inyifato.

Bwana Scala, avuga ko ivyo bitesha FIFA ubwigenge bwayo.

FIFA yo ubwayo yemeza ahubwo ko atatahuye neza intumbero y'ayo mahinduka.

Iyo nama mpanuzwajambo yasubiriye komite nshingwabikorwa ya FIFA, inyuma y'ibirego vya ruswa vyayivuzwemwo cane.