Uburisiya busabira imbabazi abanonotsi

Uburusiya busabira abakinyi babwo imbabazi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Vitaly Mutko, umushikiranganji w' inkino w'Uburusiya

Bamwe mu banonotsi b'Uburusiya bagirijwe gukoresha imiti itemewe yongera inguvu, amakosa ashobora gutuma abo banonotsi baharirwa ivomo mu nkino za Olympic zimirije muri Brezil.

Umushikiranganji w'inkino w'Uburusiya, yasavye ko abanonotsi b'Uburusiya bagirizwa amakosa yo kwifashisha imiti yongera inkomezi itemewe n'amategeko bogirirwa imbabazi bakemererwa guhiganwa mu nkino zizobera i Rio de Janeiro mu kwezi kw' umunani.

Vitaly Mutko yemera ko amakosa abo banonotsi bakoze akomeye kandi yateje urubwa ubutegetsi bwa Moscow.

Ariko ahakana uruhara urwarirwo rwose rwa leta muri ico kibazo c'amakosa ya bamwe mu banonotsi b'igihugu ciwe.

Mu ndwi iheze, uwahoze ajejwe ikigo gikumira kigacungera ikoreshwa ry'imiti itemewe ku banonotsi c'Uburusiya, Grigoriy Rodchenkov, avuga ko habaye umugambi wo gukoresha iyo miti itemewe mu kinyegero kandi ushigikiwe na leta, mu gihe c'inkino za Olympic zo mu gihe c'ubukonje zabereye Sochi mu Burusiya, haraheze imyaka 2.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inkino zo kunonora imitsi rizosubiramwo kwihweza ikibazo c'abo banonotsi b'Abarusiya mu kwezi kuza.