Mikel Arteta agiye kuva muri Arsenal

Mikel Arteta

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Mikel Arteta agiye kuva mu mugwi wa Arsenal yari amazemwo imyaka itanu

Umukinyi w'imbere w'umugwi wa Arsenal, Mikel Arteta, ari mu bakinyi bagiye kuva muri uwo mugwi muri iri ci.

Arteta co kimwe n'umukinyi w'imbere mugenzi we, Tomas Rosicky vyitezwe ko bava muri uwo mugwi inyuma y'aho amasezerano bari bafitaniye arangiriye.

Arteta w'imyaka 34 yagiye muri Arsenal mu 2011, akaba yabakiniye inkino 150 yinjiza ibitego 17.

Rosicky na we w'imyaka 35 yaje muri Arsenal mu 2006 bakaba baramushimiye cane kuko yabakiniye inkino 246 mu myaka 10, mu rukino rwiwe rwa nyuma bahura na Aston Villa kuri uyu w'Imana.

Arteta yaguzwe n'umugwi wa Everton imiliyoni 10£ yaraturitse ararira urwo rukino rurangiye.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko abo bakinyi babiri bari karuhariwe.