Amashirahamwe ariyamiriza inyifato y'igipolisi

Nairobi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igipolisi cakoresheje ubuhiri mu gushwiragiza abari mu myiyerekano

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Kenya, baranebagura igipilisi bavuga ko bakoresheje inguvu zirenze urugero mu gushieragiza abari mu myiyerekano ku musi wa mbere.

Akanama k'igihugu kajejwe agateka ka zina muntu(KNHRC) yavuze ko yatangajwe cane na video hamwe n'amafoto vyuzuye ku mbuga ngurukanabumenyi no mu bimenyeshamakuru, vyerekana ivyabaye igihe hariko haraba imyiyerekano.

Izo foto zerekana igipilisi kiriko kirakubita abari mu myiyerekano ibimoko.

Bamwe mubanya Kenya ku mbuga ngurukanabumenyi, baguba banebagura igipilisi hakoreshejwe ijambo #StopPoliceBrutalitu(Hagarika ikoreshwa ry'inguvu zirenze ku gipolisi) ryakwiragiye hose muri Kenya.

Inkuru zitangwa na radio Capital FM mu gisaga ca Nairobi, zivuga ko umwe mubakubishwe n'igipolisi yitavye Imana ari kwa muganga aho yariko aravurigwa.

"Igipolisi gitegerezwa kugira indero ntibategerezwa gukoresha inguvu. Amategeko aratomoye ingene abanyagihugu bari mu myiyerekano bafatwa," uko ni ko ako kanama kavuze kuri Twitter.

Akanama kigenga k'abanyagihugu gakurikirana ibikorwa vy'igipolisi(IPOA) na ko kanebaguye ibikorwa vy'igipolisi, kavuga ko barenze ku mategeko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Kenya avuga ko igipolisi cakoresheje inguzu zirenze urugero

Umukuru w'ako kanama, Macharia Njeru, yabwiye abamenyeshamakuru ko igipolisi cakoresheje inguvu zirenze urugero.

Yavuze ko abarongoye ako kanama bariko bariko barakora amatohoza kandi ko bazotanga icegeranyo ku mukuru ashinzwe gukurikirana ivyaha vyakorewe abanyagihugu kugira ingingo zifatwe kubakoze ivyaha.

Urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta CORD rugira imyiyerekano buri wa mbere mu ndwi, basaba abagize akanama kajejwe gutegura amatora (IEBC) gutanga imihoho.

Abategetsi ba CORD bavuga ko abo bakozi badashobora guhagarikira amatora yomirije mu 2017.

Biyemeje kubandanya n'iyo myiyerekano gushika aho abo bagize ako kanama bazotangira imihoho.