Abanonotsi 31 bahagaritswe mu nnkino za Olympic z'i Rio

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikibuga kizoberako inkino za Olympic za Rio
Komite mpuzamakungu ya Olympic ivuga ko abanonotsi 31 basanze barafashe ibintu bibongerereza inguvu, inyuma y'aho basubiriyemwo ibipimo vyabo vyo mu nkino za Olympic zabereye I Beijing haraciye imyaka umunani.
Abo banonotsi ntibavuzwe amazina, ariko bava mu bisata vya sport 6 bakaba bava mu bihugu cumi na bibiri.
Bose bogiye mu nkino za Olympic zizobera I Rio muri iri ci, ubu bakaba batabirekuriwe.
Barondewe bafashijwe n'ikigo mpuzamakungu kirwanya imiti yongereza inguvu, hamwe n'amashirahamwe yo kwinonora imitsi y'ibihugu bitandukanye.
Komite mpuzamakungu ya Olympic kandi yavuze ko ifise imigambi yo gusubira kwihweza ibindi bipimo amajana abiri na mirongo itanu vyo mu nkino za Olympic zabereye I Londres mu 2012.
Ahavuye isanamu, AFP
Abanonotsi 31 bava mu bihugu cumi na bibiri ntibazitaba inkino za Olympic za Rio kubera gufata imiti ibongerereza inguvu
Komite mpuzamakungu ya Olympic ivuga ko ivyo bipimo vuasubiwemwo hakoreshwe ubuhinga bwa none.
"Ibi bikorwa vyose bitumbereye kuzibira ababesha ko batsinze", nk'uko bivugwa n'umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olympic, Thomas Bash.
"Ivyo vyongeye kwerekana kandi ko abakoresha imiti ibongerereza inguvu batazongera kwinyegeza".
"Ubu turaraba ivyo imyaka cumi iheze, ababeshi bamenye ko tutazoruha".
"Mu kubuza ababeshe kutaja mu nkino za Rio, twerekanye kandi ko dushizeho ingingo zo gucungero amategeko y'aya mahiganwa ya Olympic".