Umwigeme umwe w'i Chibok yabonetse

Nigeria

Ahavuye isanamu, UNCREDITED

Insiguro y'isanamu,

Umwe mu bigeme banyururijwe kw'ishure ya Chibok n'umuhari wa Boko Haram yabonetse amaze kwibaruka

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Nigeria bavuga ko umwe mu bakobwa banyururijwe kw'ishure ya Chibok n'umugwi wa Boko Haram yabonetse, akaba abaye umuntu wa mbere arokotse mu kiringo c'imyaka ibiri.

Abakobwa barenga 200 baranyurujwe n'abagwanyi ba Boko Haram mu gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria mu myaka ibiri iheze.

Uharanira agateka ka zina muntu Hauwa Abdu, yabwiye BBC ko, uwo mwigeme yatowe ku musi wa kabiri ku mugoroba n'umugwi umwe wari urinze umutekano inyuma y'intambara yabahuje n'abantu vyibazwa ko bari abagwanyi ba Boko Haram.

Nigeria
Insiguro y'isanamu,

Isekeza ryo gusaba ko abigeme banyurujwe na Boko Haram barekurwa

Umwe mu bategetsi bo mu nzego zo hasi yavuze ko yari afise umwana, bose bakaba baciye bahabwa igisirikare ca Nigeria mu gisagara ca Damboa.