John Terry agiye kuguma muri Chelsea uwundi mwaka

John Terry Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukinyi John Terry agiye kuguma muri Chelsea uwundi mwaka

Tukiri aha mu Bwongereza nyene, umukinyi wa Chelsea John Terry w'imyaka 35, azorangiza amasezerano yari afitaniye n'uwo mugwi muri iri ci, yavuze ko shaka kuguma akinira uwo mugwi.

"Nta muntu atazi ko Chelsea indi mu maraso", uko ni ko John Terry yavuze.

John Terry asanzwe ari na kizigenza y'uwo mugwi, amaze gukinira Chelsea inkino 703, akaba yari yageze muri uwo mugwi mu 1998.

Uwurongoye uywo mugwi, Bruce Buck yavuze ati:" Turanezerejwe n'uko John Terry azobandanya gukinira uyu mugwi uwundi mwaka.