Maduro yagiriza USA gushaka kumukura ku butegetsi

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Nicolas Maduro yagiriza Amerika gushaka kumukura ku butegetsi
Prezida wa Venezuella Nicolas Maduro yagiriza Amerika gushaka kumukura ku butegetsi no gushigikira ibikorwa bitera akajagari muri ico gihugu.
Mu gihe Venezuela yugarijwe n'ikibazo gikomeye c'ubukungu, Perezida Maduro yaganira n'abanyamakuru b'abanyamahanga bamwe muri bo yagiriza kuba mu mugambi wo kumurwanya.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bagize imyiyerekano vyari vyitezwe ko iba iya mbere ikomeye y'abatavuga rumwe na reta.
Prezida Maduro yaramiriye kure amatora ya kamarampaka muri iki gihe igihugu kiri mu bibazo vy'ubutunzi.
Yamenyesheje imisi 60 y'ibihe bidasanzwe, yongerereza igipolisi n'igisirikare ububasha.
Ku musi ugira gatatu w'imyiyerekano mu ndwi , umukuru w'abatavuga rumwe na reta, Henrique Capriles, yahamagaje imyiyerekano igana ku kanama kajejwe gutegura amatora (CNE), i Carcas.
Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi carashe ivyuka bikoroza amosozi abari mu myiyerekano
Igipolisi ca Venezuella carashe ivyuka bikoroza amosozi mu batavuga rumwe na reta bari bitavye iyo myiyerekano i Carcas, basaba ko haba amatora ya kamarampaka yo gukura ku butegetsi prezida Nicolas Maduro.