Umugera wa Zika ushobora gushika i Buraya mu ci

Ahavuye isanamu, Google
Umugera wa Zika ushobora gushika i Buraya mu ci
Umugera w'ingwara ya Zika ushobora gushika i Buraya mu ci, ariko ubushobozi bwo gutera buri hasi cane nk'uko bimenyeshwa n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS.
Uturere dushobora kubangamirwa ni uturimwo imibu yo mu bwoko bwa Aedes, bishoboka ko ikwiragiza uwo mugera, nko mu micungararo y'ikiyaga cirabura mu Burusiya, Georgia hamwe n'izinga rya Madeira.
Ishirahamwe OMS risaba ibihugu gukura ibibanza bituma imibu igwira, no kuraba ko muri utwo turere abantu na cane cane abibungeze, bafise inkuru zerekeye iyo ngwara.
OMS ivuga ko ibihugu vyinshi bishobora guterwa n'iyo ngwara vyamaze kwitegura kuyigwanya vyihuta, ariko hari n'ibindi bihugu bizotegerezwa guhangana n'iyo ngwara.