Ibiganiro bihuza abarundi bigiye gutangura

Kampala
Insiguro y'isanamu,

Ibiganiro bihuza abarundi bizotangura itariki 21 z'ukwezi kwa gatanu

Ibiganiro bihuza abafise uruhara mu matati ari mu Burundi bigiye gutangura itariki 21 z'ukwezi kwa gatanu i Arusha mu gihugu ca Tanzania birangire itariki 24.

Impande zose ziramaze kuronka ubutumire, ariko umukuru w'urunani CNARED, ruhurikiyemwo abaterekwa ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu, Dr Jean Minani, aza yamaze kugabisha ko urwo runani rudatumiwe, atawuzokwitaba ubutumire burungikiwe imigambwe.

Ku ruhande rwa reta baremeza ko baronse ubutumire kandi ko n'itariki bayizi ariko bavuga ko atari ibiganiro nyezina(dialogue) ahubwo ari kuzoba ari uguhanahana ivyiyumviro gusa.

Reta iguma ivuga ko idashobora kwicarana n'abashatse gutembagaza ubutegetsi bari muri CNARED , mu gihe ku rundi ruhande CNARED isaba ko bose bategerezwa kuvyitaba.

Imidurumanyo yaradutse mu Burundi, inyuma y'aho habereye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, abantu barenga 500 baritaba Imana abandi barenga 250 bahungira mu bindi bihugu.

Ibihugu bigize ishirahamwe ryo mu buseruko bwa Afrika rikaba riherutse kugena uwahoze ari prezida wa Tanzania Benjamin Mkapa ngo bafashanye na prezida Yoweli Museveni mu gikorwa co guhuza abarundi.

Insiguro y'isanamu,

Prezida Mkapa(i bubamfu) ari kumwe na prezida arongoye Tanzania muri kino gihe John Pombe Magufuli

Ubwa mbere prezida Benjamin Mkapa yari yamenyesheje ko bizoba kuva kw'itariko 2 z'ukwezi kwa gatanu gushika itariki 6, ariko vyaciye bisiba.