Umushikiranganji mushasha muri reta y'Uburundi

Umushikiranganji mushasha w'ikigega ca reta Domitien Ndihokubwayo
Domitien Ndihokubwayo ni we mushikiranganji mushasha w'ikigega ca reta muri reta y'Uburundi.
Ndihokubwayo yahora arongoye ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya reta OBR, asubiriye Tabu Abdallah Manirakiza agiye gushingwa ayandi mabanga yo kuba icegera c'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d'Afrique Centrale)
Ahavuye isanamu, Other
Itegeko rigena Domitien Ndihokubwayo mu bushikiranganji ryashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ibiro vy'umukuru w'igihugu
Ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ibiro vy'umukuru w'igihugu bamenyesheje iryo genwa.
Ntiharamenyekana uwugiye gusubira uwo mushikiranganji mushasha muri OBR.