Umukuru w'abatalebani muri Afghanistani yishwe

umuyobozi w'abatalebani bo muri Afghanistani, Mullah Akhtar Mansou
Insiguro y'isanamu,

Umuyobozi w'abatalebani bo muri Afghanistani, Mullah Akhtar Mansou

Inzego zishinzwe iperereza muri Afghanistani zemeje ko umukuru w'abatalibani Mullah Akhtar Mansour yaguye mu gitero cy'indege z'abanyamerika.

Mbere yaho igisirikare cya Amerika cyari cyavuze ko Mullah Akhtar Mansour ashobora kuba yishwe.

Hari amakuru agenda avuguruzanya ku birebana n'ukuntu byamugendekeye ariko abategetsi ba Amerika baravuga ko bishoboka ko yishwe.

Indege nyinshi ziguruka zitarimo abapiloti zakoreshejwe muri icyo gitero cyari kigambiriye we n'undi mugabo bari kumwe igihe bari mu mudoka mu karere kitaruye ko muri Pakistani hafi y'umupaka w'icyo gihugu na Afghanistani.

Amerika iravuga ko Mullah Akhtar Mansour - watangiye kuyobora abatalebani bo muri Afghanistani mu kwezi kwa karindwi k'umwaka ushize - yari abangamiye amahoro, umutekano w'abashinzwe inzego z'umutekano, n'uw'abasivili.

Insiguro y'isanamu,

Aha niho bivugwa ko icyo gitero gishobora kuba cyabereye, ni mu karere ka Ahmad Wal muri Pakistani

Perezida Barack Obama ubwe niwe watanze uruhushya kugirango icyo gitero kigabwe.

Abategetsi bo muri Pakistani na Afghanistani babimenyeshejwe nyuma yuko kigabwa.