Ibiganiro vy'abarundi birabandanya i Arusha

Arusha
Image caption Uwurongoye intumwa za reta y'Uburundi umushikiranganji w'imigenderanire Alain Nyamitwe n'uwo intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye

Ibiganiro bihuza abarundi birabandanya i Arusha mu gihugu ca Tanzania aho umuhuza prezida Benjamin Mkapa ariko arabonana n'umugwi umwe umwe ukwawo.

Umuhuza akomeje guhura na buri murwi wabitumiwemo bungurana ibitekerezo ku ngingo z'ingenzi zigomba kugibwaho impaka muri ibyo biganiro, abagomba kubitumirwamo mu byiciro bitaha ndetse n'aho ibiganiro bigomba kubera.

Usibye umuhango wo gufungura wabereye ku mugaragaro, ibiganiro birabera mu muhezo ukomeye.

Itangazo ryashyizwe ahagaragara n'ibiro by'umuhuza uyu munsi ku gicamunsi, riravugako abarundi bamaze kugera muri ibyo biganiro ari 83.

Abo barimo intumwa za Leta zirimo abaministri batatu, Abigeze kuba abakuru b'igihugu cy'u Burundi, abo mu nama y'igihugu ishinzwe ibigano bihuza abarundi(CNDI), intumwa z'amashyaka yemewe mu Burundi, izo mu mashyirahamwe ategamiye kuri Leta, abahagagariye amadini, abanyapolitiki b'imena baba abo mu gihugu imbere cangwa hanze, intumwa z'amashyirahamwe z'abategarugori n'ayo urubyiruko.

Itangazo ry'Umuhuza riravuga ko ku bahoze ari abakuru b'igihugu, Petero Buyoya, n'ubwo yari yatumiwe ataje mu biganiro.

Abandi bataje kandi baratumiwe ni abo mu ishyaka rya MSD.

Image caption Bamwe mu ntumwa z'imigambwe zitavye ivyo biganiro

Umuhuza aravuga ko abo bose batumiwe ntibashobore kuza , azakora ibishoboka byose abonane nabo, kuko ibitekerezo byabo bikenewe muri ibi biganiro.

Urwunge rw'amashyaka rwa CNARED ntirwatumiwe nk'umurwi wihariye, ahubwo hatumiwe amashyaka arurimo ariko yemewe n'amategeko mu Burundi, kandi amwe yitabiriye ibiganiro.