Jose Mourinho ni we mumenyereza mushasha wa Man United

Jose Mournho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Jose Mourinho ni we mumenyereza mushasha w'umugwi wa Manchester United

Jose Mourinho yamenyesheje ku mugaragaro ko ari we agiye kumeneyereza umugwi wa Manchester United.

Yashize umukono ku masezerano y'imyaka itatu.

Uwo munye Portugal agiye mu Kiganza c'umunye Hollande Louis Van Gaal, yirukanywe mu kazi ku musi wa mbere.

"Mvugishije ukuri, Jose ni we mumenyereza mwiza wa mbere w'umupira w'amaguru ubu," uko ni ko icegera c'umukuru w'umugwi wa Man Utd, Ed Woodward yavuze.

Mourinho w'imyaka 53, yavuze: "Kuba umumenyereza wa Man United ni iteka ntangere. Ni umugwi uzwi cane kandi ukunzwe cane kw'isi."

Yavuze ko yagumye yumva umuhamagaro wo gushaka kuba ku kibuga ca Old Trafford, kandi ko yamye misi yose arabana ryiza n'abakunzi b'umugwi wa Man United.

"Ndindiriye kuba umumenyereza wabo no kwishimira ugufatwa mu mugongo na bo mu myaka iri imbere."

"Hari ukuntu umuntu yiyumva n'urukundo udashobora gusanga mu yindi migwi."

Mourinho nta kazi yari afise kuva aho yirukaniwe n'umugwi wa Chelse mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Mourinho yashize umukono ku masezerano inyuma y'ibiganiro vy'imisi itatu hagati yiwe, uwumuserukira Jorge Mendes n'abategetsi bakuru ba United.

Kimwe mu bintu vyitezwe ko azokora ni kugura umukinyi Zlatan Ibrahimovic, bahoze mu mugwi umwe wa Inter Milan.