Hollande ntashobra kwisubirako kw'itegeko ry'abakozi

Bordeaux

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Prezida Hollande ntiyiteguye kwisubirako kw'itegeko rigenga abakozi

Prezida Francois Hollande yavuze ashimitse ko adashobora kw'isubirako kw'isubirwamwo ry'itegeko rigenga abakozi, mu gihe amashirahamwe y'abakozi agabisha kubandanya imyiyerekano.

Henshi mu bibanza batangiramwo ibitoro n'aho babihingurira haracugarijwe n'ayo bashirahamwe y'abakozi.

Ibura ry'ibitoro ryatumye haba imirongo miremire ku bibanza babitangiramwo.

"Sinshobora kurihindura kuko nibaza ko ryasubiwemwo neza," uko ni ko Hollande yavuze.

Ariko, umushikiranganji wa mbere Manuel Valls, yari yamenyesheje ko hari ibishobora guhindurwa.

Imyiyerekano yo ku wa kane yitabwe n'abantu benshi.

"Bandanye kandi fate ingingo," uko ni ko amashirahamwe umunani yateye akamo inyuma y'umusi bari mu myiyerekano.

France

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Imyerekano y'abakozi aho bugarije ububiko bw'ibitoro mu Bufaransa

Ku musi wa kane, abantu 77 barafashwe, abapolisi 15 barakomerekera mu mishamirano, ariko ahanini abari mu myiyerekano bayigize mu mahoro.

Umumenyeshamakuru wa BBC Hugh Schofield ari i Paris, avuga ko igitoro ubu kiriko kirashika mu bibanza gitangirwamwo, ariko abashirahamwe asa n'uko atiteguye guhagarika imyiyerekano.