Urukino rukomeye hagati ya Real na Atletico

Toress and Ronaldo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umugwi wa Atletico Madrid nturatwara ico gikombe na rimwe mu gihe Real umaze kugitwara incuro 10

Imigwi ya Real Madrid na Atletico Madrid irakina ku musi wa gatandatu mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye i ya mbere ku mugabane wa Buraya.

Spain

Ahavuye isanamu, Timeline photos

Insiguro y'isanamu,

Abamenyereza Zinedine Zidane wa Real Madrid na Diego Simeone wa Atletico Madrid

Abakunzi b'iyo migwi yose barindiriye kuraba imikenyuro y'abamenyereza Zinedine Zidane na Diego Simeone.

Tiago

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Tiago wa Atletico Madrid ariko arigina igitego

N'aho iyo migwi yananiwe no kubuza umugwi wa Barcelone gutwara igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne, ni imigwi ibiri ikomeye ku mugabane wa Buraya, bikaba vyitezwe ko urwo rukino rutaza kuba rworoshe.

Rodriguez

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umukinyi Rodriguez wa Real Madrid

Haza kuba harimwo abakinyi bakomakomeye muri iyo migwi yose.

Madrid

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Abakunzi b'umugwi wa Real Madrid

Abakinyi nka Christiano Ronaldo, Gareth Bale, Koke na Antoine Griezman baraza kubica bicike muri urwo rukino.