Urukino rukomeye hagati ya Real na Atletico

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi wa Atletico Madrid nturatwara ico gikombe na rimwe mu gihe Real umaze kugitwara incuro 10
Imigwi ya Real Madrid na Atletico Madrid irakina ku musi wa gatandatu mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye i ya mbere ku mugabane wa Buraya.

Ahavuye isanamu, Timeline photos
Abamenyereza Zinedine Zidane wa Real Madrid na Diego Simeone wa Atletico Madrid
Abakunzi b'iyo migwi yose barindiriye kuraba imikenyuro y'abamenyereza Zinedine Zidane na Diego Simeone.

Ahavuye isanamu, AFP
Tiago wa Atletico Madrid ariko arigina igitego
N'aho iyo migwi yananiwe no kubuza umugwi wa Barcelone gutwara igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne, ni imigwi ibiri ikomeye ku mugabane wa Buraya, bikaba vyitezwe ko urwo rukino rutaza kuba rworoshe.

Ahavuye isanamu, AFP
Umukinyi Rodriguez wa Real Madrid
Haza kuba harimwo abakinyi bakomakomeye muri iyo migwi yose.

Ahavuye isanamu, AP
Abakunzi b'umugwi wa Real Madrid
Abakinyi nka Christiano Ronaldo, Gareth Bale, Koke na Antoine Griezman baraza kubica bicike muri urwo rukino.