Abanye Iran ntibazoja i Mecque uyu mwaka

Mecque

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Aba Islam ibihumbi n'ibihumbi barahurura mu gisagara ca Mecque buri mwaka

Umushikiranganji w'imico kama muri Iran yavuze ko ico gihugu kitazorungika abantu kuja guhiji mu gihugu ca Arabie Saudite uyu mwaka.

Ali Jannati yavuze ko atari vyiza ko Arabie Saudite ko gushiraho inzitizi ku banyagihugu ca Iran bashaka kuja guhiji.

Abantu amajana n'amajana baritavye Imana mu musunikano wo mu mwaka uheze.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Abantu barenga 2,000 barapfiriye mu misunikano yo mu 2015, harimwo abanye Iran 460

Mu mwaka uheze, abantu amajana n'amajana y'abari bagiye gusenga barapfuye, benshi muri bo bakaba bari abanyagihugu ba Iran igihe haba umusunikano.

Uko kutumvikana hagati ya Iran na Arabie Saudite kwagiye kuriyongera mu gihe izo mpande zibiri zishigikiye imigwi ibiri ihanganye mu bihugu vya Syria na Yemen.