Igitero simusiga co kwigarurira Fallujah

Fallujah

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Igitero simusiga ku gisagara ca Fallujah

Igisirikare ca Irak kivuga ko catanguye igitero ca nyuma co kwigarurira Falluja, ahari icicaro c'umugwi wa Islamic.

Haheze indwi inyuma y'aho reta ishiriye inguvu hamwe mu ntumbero yo gusubira kwigarurira ico gisagara, cari cigaruriwe n'abo barwanyi ba Ilsamic State kuva mu 2014.

Abanyagihugu basanzwe boba bashika 50,0000 bugaraniwe muri ico gisagara, imiryango mike gusa ni bo bashoboye kugitoroka.

Onu yavuze ko hariho abantu bariko baricwa n'inzara abandi bicwa kubera banse gufasha urugamba IS.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ingabo za Irak harimwo ba karuhariwe mu kugwanya iterabwoba zinjiriye mu nzira zitandukanye

Ingabo za reta harimwo umugwi karuhariwe wo kurwanya iterabwoba, bariko barinjira muri ico gisagara baciye mu nzira nyinshi, nk'uko itangazo ry'abategetsi ribivuga.

Bivugwa ko abagwanyi ba IS bariko baratera igere rya nyuma bakoresheje abiyahuzi hamwe n'imodoka zitezwemwo ibibombe.