Hissenne Habre yahawe igihano co gupfungwa burundu

Ahavuye isanamu, AFP
Hissene Habre yagirizwa kwicisha abantu barenga 40,000 ku butegetsi bwiwe
Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Chad Hissene Habre, yahanishijwe igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose yagirijwe ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu no gufata ku nguvu abapfasoni.
Hissenne Habre yaragize uruhara ubwiwe muri ivyo vyaha vyabaye igihe yari akiri ku butegetsi.
Abakorewe ivyaha bari muri sentare igihe yasomerwa ico gihano mu gisagara ca Dakar mu gihugu ca Senegal, berekanye umunezero umucamanza ahejeje kumwagiriza ivyo vyaha.
Hissenne Habre yagirizwa gutanga amategeko yo kwica abantu barenga 40,000 igihe yari ku butegetsi mu myaka ya 80, ivyo ahakana yivuye inyuma.
Habre hafatiwe mu gihugu ca Senegal.