Abakozi bipfuza ko umushikiranganji afutwa muri Brezil

Ahavuye isanamu, AP
Umushikiranganji Fabiano Selveira yagirizwa igiturire
Abakozi bo mu bushikiranganji burwanya igiturire mu gihugu ca Brezil basavye ko umushikiranganji wabo mushasha yirukanwa mu kazi.
Habaye imyiyerekano ikurikiye amasanamu yerekanywe aho Fabiano Silveira yagirizwa ko yumvikana aharira n'abagira amatohoza ku biturira muri kompanyi y'ibitoro ya reta, Petrobas.
Ku wa gatantu w'indwi iheze, umushikiranganji ajejwe imigambi ya reta muri ico gihugu, vyabaye ngombwa ko aheba akazi azize ivyo nyene.
Abo bategetsi bose ko ari babiri bagenywe inyuma y'aho prezida Dilma Rousseff akuriwe ku butegetsi.
Yagumye avuga ashimitse ko ivyo yagirizwa ata kindi bigamije atari ukwanka ko haba amatohoza.