Ibitero vy'indege vyahitanye abantu 23 i Idlib

Ahavuye isanamu, AFP
Abakozi bajejwe gutabara bariko barafasha abakomerekeye muri ivyo bitero vyo mw'ijoro
Nimiburiburi abantu 23 ni bo boba bahitanywe n'ibitero vy'indege mu gisagara ca Idlib kiri mu minwe y'abarwanya reta mu buraruko bushira uburengero bwa Syria.
Ishirahamwe ryo muri Syria riharanira agateka ka zina muntu rifise icicaro mu Bwongereza ryavuze ko Indege za gisirikare z'Uburusiya zateye ku bibanza bitandukanye mw'ijoro.
Ariko Uburusiya bwahakanye ko ata bitero bwagize mw'ijoro, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Interfax.
Igisagara ca Idlib n'intara bisangiye iryo zina ni akarere kiganjemwo imigwi y'abagwanyi harimwo na al-Qaida ifitaniye ubucuti na Nusra.
Nusra ntiri mu biganiro vyo guhagarika intambara vyatangujwe na Amerika n'Uburusiya mu kwezi kwa kabiri.
Iryo shirahamwe rivuga ko ivyo bitero vyagizwe mu bice vyinshi bibamwo abantu .
Habaye kandi ibitero hagufi y'ibitaro n'ibikibanza co kuruhukiramwo, aho rivuga ko abana bari mu bahitanywe n'ivyo bitero.

Ahavuye isanamu, Reuters
Amazu yasambuwe n'ivyo bitero
Amafoto yerekana amazu yasambutse n'imigwi ijejwe gutabara iriko irakora mw'ijoro irondera abahakomerekeye n'abapfuye.