Abagwanyi ba IS bateye ingabo za Irak

Fallujah Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intambara ikaze yadutse mu gatondo ka kare ku musi wa kabiri

Abagwanyi ba Islamic State bateye ingabo za reta ya Irak igihe zariko ziragerageza kwinjira mu gisagara ca Fallujah.

Umusi umwe inyuma y'aho y'aho izo ngabo zitanguye kwinjirira mu gace ko mu bumanuko ka Nuaimiya, abagwanyi benshi ba IS babagizeko ibitero, nk'uko igisirikare cabibwiye amatororokanirizo y'amakuru.

Igisirikare canesheje abo bagwanyi ariko catakaje abatari bake, nk'uko bivugwa.

Amashirahamwe afasha abari mu kaga aratewe impungenge n'umutekano w'abanyagihugu 50,000 bivugwa ko bugaraniwe i Fallujah.

Hari inkuru zivuga ko hari abantu bariko baricwa n'inzara abandi bakicwa na IS kuko banse kubafasha urugamba.

Igisirikare ca Irak casavye abakiri muri ico gisagara kukivamwo canke bakaguma biyugaraniye mu nzu, ari IS iguma ibuza abantu guhunga.

Igisagara ca Fallujah cigaruriwe na IS mu kwezi kwa mbere mu 2014, igihe gikomeye c'uwo muhari w'aba sunni waciye umenyesha ko ari wo urongoye uduce wigaruriye haba muri Irak no muri Syria.

Ni kimwe mu bisagara bibiri biri mu minwe ya IS mu gihugu ca Irak, uwundi akaba ari Mosul.